Uko wahagera

Kandida Perezida wa CNDD-FDD Azomenyekana ku Musi wa Mungu


Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza yibukije abagumyabanga b’umugambwe CNDD/FDD ko gusenga Imana no gukora politike bidasiganwa.

Ayo majambo yumvikanye iminsi itatu gusa mbere y’uko umugambwe wiwe utangaza umukandida azowuserukira mu matora ateganijwe mu kwezi kwa Gatanu uyu mwaka.

Ekleziya gatorika yaratumiwe muri ayo masengesho yo gusozera ikiringo C‘intwaro ya Petero Nkurunziza. Umwepisikopi mukuru wa diyoseze nkuru ya Gitega Simoni Ntamwana ni we yaserukiye umuryango w’abemera muri Katolika.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaneguye ariko ingene abo basangiye urugamba batera basubira inyuma mu bijanye no gusenga. Yanibukije abagumyabanga igituma ikibanza bakoraniyemwo catowe kugira ngo kiberemwo ayo masengesho.

Umwepisikopi mukuru wa diyoseze nkuru ya Gitega arashima bimwe mu vyaranguwe n’intwaro ya CNDD-FDD, ariko yibukije ko hakiri agahaze.

Ico gikorane co gushima Imana ku bagumyabanga ba CNDD-FDD bitegekanijwe ko kizosozerwa kuri kuri uyu w’imana n’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe. Amakuru yegereye indongozi z’umugambwe CNDD-FDD akavuga ko ari muri iryo koraniro hazotorwa umukandida azohiganirwa amatora y’Umukuru w’igihugu yo kw’igenekerezo rya 20 ukwezi kwa gatanu uno mwaka.

Abanugwanugwa ko bashobora gutangwa nk'aba kandida bagizwe n'abasivire babiri: Pascal Nyabenda arongoye inama nshingamateka aturuka mu ntara ya Bubanza na Joseph Butore icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu aturuka mu ntara ya Cibitoke.

Hambavu y'abo basivile hiyongerako abahoze ku rugamba ari bo General Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD aturuka mu ntara ya Gitega hamwe na General Gabriel Nizigama umuhanuzi mu biro kwa perezida uyu akaba aturuka mu ntara ya Muramvya.

Abo banurwanurwa ko bashobora gutangwa n'umugambwe CNDD-FDD bakomoka mu bwoko bw'abahutu.

Kandida Perezida wa CNDD-FDD Azomenyekana ku Musi wa Mungu
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:21 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG