Uko wahagera

Kameruni Yakajije Umutekano ku Mbibe Zayo na Nijeriya


Kameruni irongereza umutekano ku mbibe zayo na Centrafrique na Nijeriya. Ni inyuma y’ibitero vy’abikekwa ko ari abarwanya ubutegetsi n’ihagarikwa ry’imodoka zari zitwaye amabombe. Abategetsi ba reta n’igisirikare bagendeye uno musi ku wa mbere igisara ca Pateke mu buraruko bw’igihugu ku rubibe na Nijeriya.

Bulamatari w’intara yo mu buraruko bwa Kameruni, aho igisagara ca Pateke kiri avuga ko yakoze urugendo muri ako karere kugira abone ko umutekano wubahirijwe bidatevye ku rubibe na Nijeriya. Avuga ko amakuru y’iperereza afise yerekana ko umutekano ugeramiwe mu buraruko bw’igihugu ku rubibe na Nijeriya. Abasirikare ba reta bongerejwe kuri urwo rubibe.

Batangaza ko igisirikare cahagaritse imodoka 2 zari zizanye amabombe ku butaka bwa Kameruni zivuye muri Nijeriya. Amatohoza y’ukumenya iyo ayo mabombe yari avuye n’iyo yari agiye yuguruwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG