Uko wahagera

Kameruni: Abantu 15000 Basenyewe n'Imyuzure Bamerewe Nabi


Abasenyewe n'imyuzure
Abasenyewe n'imyuzure

Kameruni itabariza abanyagihugu bagera ku bihumbi 15 bateshejwe izabo n'imvura y'imyuzure. Abenshi muri abo banyagihugu ni ababa mu micungararo y’urubibe ico gihugu gihana na chad. Iyo mvura yatanguye kugwa mu kwezi kwa cenda iza kunyuka muri uku kwa cumi na rimwe.  

Uno munsi ku wa gatanu naho ivyononywe n’imvura yazindukiye muri Kameruni bitaramenyekana vyose, nko mu gisagara c'ahitwa Kousseri abategetsi baho bemeza ko amazu arenga 15 ariyo amaze kumenyekana ko yasenyutse. Aya aje yiyongera ku yandi agera kw’ijana amaze gusenyuka mu bice bitandukanye vy’igihugu cose kuva mu kwa cenda.

Nta bahasize ubuzima baratangazwa naho abatagira aho baba baharurwa mu bihumbi n’ibihumbi. Abari mu kaga basaba ahanini gufashwa bakaronswa infungurwa n’imiti. Muri rusangi, ibice 70 kw’ijana vy’amazu vyegereye uruzi rwitwa Logone ku ruhande rwa Kameruni na Chad vyarasenyaguritse. Chad ntitomora muri rusangi ivyononekaye ku ruhande rwayo.

Twibutse ko ko mu mwaka uheze, abantu barenga ibihumbi ijana muri Kameruni bateshejwe izabo n’imvura y’imyuzure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG