Uko wahagera

DRC: Vital Kamerhe Arahakana ko Ata Matungo ya Reta Yanyuruje


Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu muri Republika ya Demokarasi ya Kongo arahakana ko atanyuruje imiliyoni 50 za reta.

Mu rubanza rwatanguye ejo ku musi wa mbere ni ho Vital Kamerhe yagirizwa kuba yaranyuruje ayo mafaranga y’igihugu.

Umukuru wa sentare yaciye yunguruza urwo rubanza ikiringo c’indwi zibiri kugeza kw’itariki 25 z’uku kwezi. Ni mu gihe amatohoza akibandanya.

Kamerhe, ni we mutegetsi akomeye wa mbere ashikirijwe imbere ya sentare mu vyagirizo vya ruswa muri Congo. Uwo munyapolitike amaze ukwezi apfunzwe asaba kurekugwa ngo aburane yidegemvya.

Kamerhe arahakana ivyagirizo vy’umushikirizamanza wa reta ko yanyuruje ayo mafaranga yari agenewe ibikogwa vy’inyubakwa za reta.

Niyagirigwa ivyo vyaha ashobora gupfungwa ikiringo c’imyaka ishika kuri 20. Ivyo vyaha biragirizwa abandi banyepolitike babiri muri bo hari uwuturuka muri Libani. Bompi nabo bahakana ivyo vyaha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG