Uko wahagera

Kajugujugu ya Reta ya Siriya Yarashwe


Kajugujgu y’igihugu ca Siriya yarashwe n’abarwanya reta kur’uyu wa gatanu, abasirikare batatu b’intwazangabo barimwo barapfa, mu bumanuko bushira uburengero bw’ico gihugu.

Ivyo vyabereye mu gice abasirikare ba Siriya basanzwe bariko barwaniramwo n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu hamwe n’iyindi mirwi irwanya reta.

Ayo makuru yatanzwe n’ishirahamwe riaharanira ivy’agateka ka zina muntu muri Siriya rifise icicaro mu gihugu c’Ubwongereza.

Kuva mu mwaka wa 2011, aho reta ya Siriya yatangura kuburizamwo imyiyerekano yiyamiriza intwaro ya Bachar al-Assad, intambara muri Siriya yaciye yaduka, ibihugu mvamakungu biyijamwo, imihari y’iterabwoba iravuka, igihugu gicikamwo ibice bitari bike.

Abantu barenga ibihumbi 340 baramaze gupfa, abanyagihugu baharurwa mu ma miliyoni bahungiye mu gihugu hagati abandi mu mahanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG