Uko wahagera

Kabul: Abagera ku 7 Baguye ku Kibuga c'Indege Bagerageza Guhunga


Abasirikare b'Amerika bagerageza guhungana umwana
Abasirikare b'Amerika bagerageza guhungana umwana

Abantu indwi ni bo bamaze kumenyekana ko baraye baguye ku kibuga c’indege kiri ku murwa mukuru wa Afuganistani, Kabul. Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Bwongereza yatangaje ano makuru avuga ko abashengeye bari mu baharurwa mu bihumbi bari baje kuraba ko boronka indege mvamakungu ibahungana.

Mw’itangazo yasohoye, uwo mutegetsi w'Ubwongereza yavuze ko iki kibazo kigoye, ariko ko bariko baragerageza kuraba ingene bohungisha abenshi bashoboka. Itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru ryavuze ko ritaramenya niba abashengeye bahitanywe n’imisunikano canke babuze impwemu bivuye ku bwinshi bw’abantu n’ubushuhe bwinshi bwiriwe i Kabul.

Abatalibani bafashe igihugu ku munsi wa Mungu uheze. Kuva ico gihe, ikibuga c’indege c’i Kabul kivugwamwo akajagari kubera abatari bake bipfuza guhunga. Ahanini bahunga bitewe n’ubwoba bw’intwaro mbi yaranze Abatalibani haraheze imyaka 20.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG