Abashigikiye uwahoze ari perezida wa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo Joseph Kabila batangaje kuri uno wa kane ko ata ngingo n’imwe y’ibwirizwa nshingiro imubuza kuzosubira kwitoza nk’umukuru w’igihugu mu 2023, inyuma ya manda y’uwamusubiriye Félix Tshisekedi.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umutunganya bikorwa mu runani FCC, Front Commun pour le Congo, ruhurikiyemwo imigambwe yegereye Kabila yagize ati : “Nta ntambamyi yaba iyishingiye ku mategeko, ku nzego canke kuri politike” yomubuza kuba kandida mu matora yo mu 2023.
Néhémie Mwilanya atunganya ibikorwa vya FCC yashimangiye ko ni hagera ibiro vya politike vy’urwo runani n’izindi nzego zibijejwe zizogira vyinshi zibivuzeko. Ayo majambo yose yavugiwe mu nama y’umugambwe PPRD, Parti du peuple pour la reconstruction et la démocratie. Ni umugambwe wegereye cane Kabila.
Hagati aho umugambwe PPRD ku wa kabiri wasavye Kabila kuwubera indongozi yo ku rwego rw’igihugu. Ni igiti kitahora muri uwo mugambwe.
Joseph Kabila yahoze ari perezida wa Kongo ni umukenguzamateka ubuzima bwiwe bwose nkuko itegeko rigenga abahoze ari ba perezida muri Kongo ribitomora. Kugera ino saha ni we wenyene amategeko yemerera kuba umukenguzamateka ubuzima bwose kuko itegeko rivyemeza ryatowe ku ntwaro yiwe mu 2018.
Joseph Kabila yategetse Kongo kuva mu 2001 kugera mu 2019 inyuma y’ugutanga ubutegetsi amaze kugondozwa n’abiyerekana bamusaba ko atohirahira ngo yitoreze manda ya gatatu.
Facebook Forum