Uko wahagera

Joe Biden Yagenye Jerome Powell nk'Umukuru wa Banki Nkuru


Jerome Powell
Jerome Powell

Prezida wa Reta Zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yagenye Jerome Powell mu kindi kiringo c'ukuyobora ibanki nkuru y'igihugu.

Niyemezwa n’inama nkenguzamateka, Powell azofata ingingo ku biciro vy’ibintu abanyamerika bagura vyiyongeye mu mezi ya vuba. Bamwe mu bademokrate bari basavye Prezida Biden guhindura Powell, umurepublikani, akamusubiriza n’uwundi afise ivyiyumviro nk’ivyabo.

Prezida Biden avuga ko badategerezwa gusubira mu kiringo c’imbere y’ikiza ca Covid-19 gusa, ko ahubwo bakeneye gutunganya ubutunzi bw’igihugu neza kurushiriza.

Biden yasiguye ko yishimiye ko Powell azoshimikira ku kibazo c’ugutuma ibiciro vy’ibintu abanyamerika bagura biguma biri hasi. Avuga ko gutuma ubuzi buboneka kurushiriza bizotuma ubutunzi bw’igihugu bukomera cane kurusha imbere yaho.

Jerome Powell yagenywe n’uwo Biden yasubiriye, umurepublikani, Donald Trump, mu mwaka w’i 2018. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG