Uko wahagera

Biden mu Rugendo Mu Buseruko bwo Hagati

Biden yagendeye abasirikare barwanira mu kirere ba Amerika bari mu kibanza ca Al-Dhafra hafi y’umurwa mukuru wa Emirats z'Abarabu zunze ubumwe, I Abu Dhabi.
Biden yagendeye abasirikare barwanira mu kirere ba Amerika bari mu kibanza ca Al-Dhafra hafi y’umurwa mukuru wa Emirats z'Abarabu zunze ubumwe, I Abu Dhabi.

Icegera ca prezida wa leta zunze ubumwe z'Amerika, Joe Biden yatanguye urugendo rw’imisi itanu mu karere ko mu buseruko bwo hagati kuri uno wa mbere.

Biden yiyemeje ko igihugu ciwe kizozimanganya intagondwa zitwa Reta ya k'Islamu.

Biden yagendeye abasirikare barwanira mu kirere ba Amerika bari mu kibanza ca Al-Dhafra hafi y’umurwa mukuru wa Emirats z'Abarabu zunze ubumwe, I Abu Dhabi.

Yamenyesheje kw’abarwanyi b’umurwi w’intagondwa witwa Reta ya k'Islamu, ari inkozi z’ikibi.

Biden yavuze ko bazotuza uwo murwi mu bihugu vya Iraki na Siriya ku buryo uwo murwi utazoshobora kubandanya kugeramira akarere n’amakungu.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru, The National, co mu gisagara ca Abu Dhabi, Biden yasavye inyishu iciye mu biganiro kugira birangize ingwano muri Siriya.

Bitegekanijwe kw’ibiganiro vy’amahoro bibadanya mu mpera z’iyi ndwi I Geneve mu Busuwisi mu gihe agahengwe kagabanije bikomeye ingwano mu misi ya vuba.

Bitegekanijwe kw’icegera ca prezida wa Amerika, Joe Biden, abonana n’umuganwa, Sheikh Mohammed bin Zayed Al Nahyan, n’umutegetsi wa Dubai Sheikh Mohammed bin Rashid Al-Maktoum.

XS
SM
MD
LG