Uko wahagera

Joe Biden Avuga ko Agiye Gukenyerera Ikibazo ca COVID19


Joe Biden, umukandida w'abademokrate mu matora y'umukuru w'igihugu aha muri Leta Zunze Ubumwe z'Amerika yaraye yemeye ko agiye guhangana na COVID-19.

Mw’ijambo yashikirije mu nama rukokoma yemera ku mugaragaro kuzohagararira abademokrate mu matora, Joe Biden yagirije Perezida Donald Trump gufata minenerwe ikibazo ca Virusi ya Corona agira ati: “Nta mukenyero afise wo kurwanya iki kiza, ariko jewe ndawufise.”

Mu vyo yavuze ategekanya kuzokora ni ugutegeka udufukamunwa mu gihugu cose, ukwihutisha kumenya ibizamini vy’abipimishije, ukugwiza ibikoresho vyo kuvura abarwaye, akaraba uko amashure yugururwa ariko bidashira mukaga igihugu.

Amerika iracafata iya mbere mu bwandu bwa COVID-19: Ibiharuro vya nyuma vyerekana ko abarenga imiliyoni zitanu n’ibihumbi amajana atanu ari bo bamaze kwandura mu gihe abandi barenga ibihumbi ijana na mirongo irindwi na bine bahitanywe n’ico kiza.

Tukivuga ku vy’uguhangana na Corona hirya n’ino, isosiyete y’abongereza AstraZeneca itangaza ko mu mpera z’uno mwaka ishobora kuba yatanguye gushira kw’isoko incanco za COVID-19 iriko iragerageza. Aha ku mugabane w'Amerika, Mexique yavuze ko vuba itangura kugerageza ikoreshwa ry’urucanco rwakozwe n’Uburusiya.

Hagati aho, ishirahamwe mpuzamakungu rikorera mu vy’ubutabazi, CARE, rigabisha ko mu mpera z’uno mwaka abantu barenga imiliyoni 270 kw'isi yose bashobora kuzokugarizwa n’ikibazo co kubura ibifungurwa kubera ikiza ca Virusi ya Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG