Uko wahagera

Javier Perez de Cuellar Wigeze Kuyobora ONU Yitabye Imana


 Javier Perez de Cuellar
Javier Perez de Cuellar

Javier Perez de Cuellar yahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yitavye Imana ku musi wa gatatu mu gihugu ciwe c’amavuko ca Peru. Yari afise imyaka 100. Urupfu rwiwe rwemejwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu ca Peru ku musi wa kane.

Javier Perez de Cuellar, yabaye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU agira uwa gatanu mu mateka yaryo mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 1981. Yaranguye amabanga yiwe mu kiringo kirenga imyaka cumi hagati y’umwaka w’i 1981 n’uw’i 1992.

Yayoboye ishirahamwe ONU mu gihe c’imishamirano yari ikomeye hagati y’ubumwe bw’abasoviyete n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi. Yabaye umunyamabanga mukuru wa ONU wa mbere aturuka mu karere ko muri Amerika yo hagati n'Amerika y’epfo.

De Cuellar yarahagarariye ibiganiro vyahagaritse ingwano yamaze imyaka cumi hagati y’ibihugu vya Irani na Iraki. Yarakoze kugira Abanyamerika bari bagizwe imbohe mu gihugu ca Libani barekurwe. Yarafashije kandi gutuma Namibiya ironka intahe y’ukwikukira mu mwaka w’i 1990 yikuye kuri Afrika y’epfo ku gihe c’intwaro karyanishamiryango ya Apartheid.

Javier Perez de Cuellar yarafashije kandi mu twigoro two guhagarika intambara mu bihugu vya Cambodge, Nicaragua na El Salvador. Yahaye indi ntera uruhara rw’ibikorwa vyo gucungera umutekano mu makungu.

Inteko z’ishirahamwe ONU zijejwe gucungera umutekano zaratsindiye agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel mu mwaka w’i 1988 ku bikorwa vyazo mu bihugu vya Mozambike na Angola.

Javier Perez de Cuellar yatanguye amabanga yiwe y’ubudiplomate mu mwaka w’i 1994 muri Ambasade ya Peru i Paris mu Bufaransa. Mu nyuma yaho yabaye ambasaderi wa Peru mu gihugu c’Ubusuwisi, muri Republika y’Abasoviyete no mu gihugu ca Polonye imbere yuko ashika mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu mwaka w’i 1971 mu mabanga ya ambasaderi w’igihugu ciwe. Mu nyuma y'aho yabaye intumwa idasanzwe ya ONU mu gihugu ca Chypre.

Inyuma y'aho yagenywe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU w’ico gihe, Kurt Waldheim mu mabanga y’icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU ku bibazo bidasanzwe vyerekeye politike. Ivyo bikaba vyamuhaye inzira yo gutorwa kuyobora ONU mu mwaka w’i 1981.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU ahari muri iki gihe, Antonio Guterres, yatangaje ko ababajwe cane n’urupfu rwa Javier Perez de Cuellar. Yamutatse ko yari umushingantahe abushitse kandi asize iragi rikomeye cane mw’ishirahamwe ONU no mu makungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG