Uko wahagera

Nyamugigima na Tsunami mu Gihugu c’Ubuyapani.

(AP Photo/The Yomiuri Shimbun, Hiroto Sekiguchi)

Mu gihugu c’Ubuyapani, abanyagihugu bashobora kubangamirwa n’imyuka iva mu vyuma bitanga amasoko ntanganguvu biciye mu buhinga bwa nunleare, vyononywe na nyamugigima hamwe n’igihuhusi kivanze n’imvura y’isegenya biheruka kugwa m’Ubuyapani

Mu gihugu c’Ubuyapani abantu bamaze guhunga bangana ibihumbi 170. Abo bantu bahunga imyuka iva mu vyuma bitanga amasoko ntanganguvu bikoresheje ubuhinga bwa nucleair

Abategetsi b’Ubuyapani bavuga ko abagwaye, muri iki gihe, kubera iyo myuka, baharugwa mu mirongo, kandi ko bashobora kuba bahuye n’iyo myuka igihe bariko barahunga.

Abasirikare b’Ubuyapani ibihumbi ijana bariko barafasha mu bikogwa vyo gutabara. Abo basirikare bakoresha indege za kajugujugu, mu gushika ku bantu bari mu bibanza vyaciwemwo na nyamugigima hamwe n’igihuhusi kirimwo imvura y’isegenya, bita tsunami. Ivyo vyaduka vyasambuye inzu n’izindi nyubakwa nini zo mu bisagara biri ku nkengera y’ibahari y’Ubuyapani.

Ibihugu 69 biramaze kwemera ko gfasha Ubuyapani. Imigwi y’abahinga bo mu mashirahamwe ajejwe ibikogwa vyo gutabara muri Koreya y’Epfo, n’abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, baramaze gushika mu Buyapani, mu ntara zabangamiwe n’ivyo vyaduka. N’umugwi w’ abahinga bo mu gihugu c’Ubushinwa banonosoye ivyerekeye nyumugigima, bashitse m’Ubuyapani ejo ku musi wa mungu ku muhingamo. Uwuserukira reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Buyapani, Ambasaderi John Roos, yavuze ko Amerika ziteguye gufasha.

Ibitigiri vy’intangamarara vv’abantu bahitanywe n’ivyo vyaduka, ubu vyaduze gushika ku bihumbi cumi, n’abandi amajana n’amajana, bafise ingorane zo kuronka ibifungurwa, n’amazi meza.

Mu kiganiro umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Naoto Kan, yashikirije abamenyeshamakuru, ejo ku musi wa Mungu, yavuze ko Ubuyapani buhanzwe n’ingorane z’umurengera, ariko ko abanyagihugu bazozitsinda.

XS
SM
MD
LG