Uko wahagera

Izinga rya Barbados muri Amerika y’Epfo Ryabaye Igihugu Bwite


Ministri w'intebe wa Barbados Mia Mottley asaba perezida mushya Sandra Mason (wicaye) gutora umuririmbyikazi Rihanna kuba intwari y'igihugu 11. Hari mu mugango wo kugira ikirwa cya Barbados igihugu cyigenga

Izinga rya Barbados ryari risanzwe ritwagwa n’umwamikazi w’Ubwongereza Elizabeth wa kabiri kuva mu bihe vya gikoloni.

Umwamikazi Elizabeth yagenye umupfasoni Sandra Mason kuyobora iyo republika nshasha. Umupfasoni Mason yimitswe muri ayo mabanga umwanya muto inyuma ya sa sita z’ijoro buca ari kuri uno musi wa kabiri.

Iryo hanahana ry’ubutegetsi ryavuye ku ngingo yafashwe n’inama nshingamateka y’Ubwongereza inyuma y’imyaka irenga mirongo ibiri hasabwa kw’iryo zinga ritazigwa “Little England” (ubwongereza buto) ryigenga.

Umupfasoni Mason yatowe ku bice bibiri kuri bitatu vy’abagize inama nshingamateka.

Mu bategetsi b'iteka bitabiriye urubanza rwo kwimika umupfasoni Mason harimwo umuganwa Charles w’Ubwongereza yashitse kuri iryo zinga rya Barbados ku musi w’Imana. Iryo zinga ribamwo abantu barenga ibihumbi amajana atatu, rikaba ryari kimwe mu bihugu vy’akarere ka Karayibe bitunzwe n’igisata c’ingenzi, ic’ubuhinguzi hamwe n’icubutunzi.

Buke buke Barbados yagiye iritandukanya n’amateka ya gikoloni inyuma yaho yikukiye ku Bwongereza mu mwaka wa 1966. Aho hari inyuma y’imyaka amajana atatu uhereye igihe ingenzi z’Abongereza zashika kuri iryo zinga bakarigira ihinguriro rikomeye ry’isukari ryakoresha Abanyafrika nk’abaja.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG