Uko wahagera

Ivy'Itunganywa ry'Amatora ya Aljeriya Biracari Ubupfindo


Bamwe mu Banyagihugu muri Aljeriya mu myiyerekano ihitiye yo kwiyamiriza Bouteflika
Bamwe mu Banyagihugu muri Aljeriya mu myiyerekano ihitiye yo kwiyamiriza Bouteflika

Umukuru w’igisirikare mu gihugu ca Aljeriya yatangaje ko amatora ariyo yonyene ashobora gukura igihugu mu kajagari ka politike.

Lieutenant- General Ahmed Gael Salah, uyu musi ku wa mbere yateye kandi akamo gasaba gushiraho bidatevye umurwi ujejwe gutunganya amatora, ariko ntiyatangaje igihe amatora azobera.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 4 ry’ukwezi kw’indwi, yamara ku musi wa gatanu hari umutegetsi yatangaje ko ayo matora ashobora kwegezwa inyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG