Uko wahagera

Itongo ry'Abimukira Bapfa Bagerageza Gushika i Buraya Riri mu Kuzura


Ahashingurwa abimukira bapfa bagerageza kuja i Buraya
Ahashingurwa abimukira bapfa bagerageza kuja i Buraya

Muri Tuniziya ikibanza categuriwe guhambamwo abimukira Kiri hafi yo kwuzura. Haciye imyaka mike Rachid Koraïchi umuhinga mu vyo gucapa no gufata amasanamu aguze ico kibanza co gufubanamwo iteka abimukira bo muri Afrika.

Ico kibanza kiri mu kigwati ca Zarzis categuwe inyuma y’aho abanyagihugu bo muri ako karere banse ko ivyo biziga vy’abimukira bifubwa mu bibanza vy’abantu babo bo mw’idini rya Islamu. Korachi yabanje kuceza mu kugisengera kugira cakire izo ngezi zitaba Imana ziri mu rugendo zigana mu bihugu vy’Abarabu.

Nyinshi mu mva zarasizwe irangi ryera aho zubatswe. Zirafise amatariki ariko nta mazina ariko. Rachid Koraïchi yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika AP, ari naryo ryateguye iyi nkuru, ko yahubakishije yongera ahita “Itongo rya Afrika” kugira hashinguranwe iteka ibiziga vy’abagore, abana n’abagabo, bitorwa ku nkombe z’uruzi ruri muri ico gisagara. Yashaka kandi ko imiryango y’ababuze ababo ishobore kugendera ico kibanza, yibuke ababo kandi ko bari ahantu heza hagana mw’ijuru.

Umuhinga Rachid Koraïchi yabikoze kandi kugira yibuke murumuna we yatwawe n’izo nzuzi ariko agerageza kujabuka mu bihugu vya Buraya. Itororokanirizo ry’amakuru AP rimenyesha ko mu mva zishika ku 600 zihari, zitatu zonyene ari zo zanditseko amazina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG