Uko wahagera

Pakistani: Itegeko Rihana Uwishe Ryaraye Risohotse


Umusore yishe mushiki we, amuhoye kwigenza nabi
Umusore yishe mushiki we, amuhoye kwigenza nabi

Igihugu ca Pakistani caraye gisohoye itegeko rihindura iryahahora ku bijanye n’ubwicanyi bita ubwicanyi bw’iteka, aho uwishe afise uburenganzira bwo kubandanya yidegemvya.

Iryo tegeko rishasha rizohana abagirwa n’icaha co kwica, umunyororo w’imyaka 25. Iryo tegeko rihindura umungenzo wahahora, aho umuryango wiciwe washobora gutanga imbabazi, uwakoze icaha akabona kwidegemvya.

Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani, Nawaz Sharif, kur’uyu wa kane yakeje Inama Nshingamateka, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, amakaminuza, n’ibimenyashamakuru kur’iyo ntmabwe idasanzwe yo guhindura iryo tegeko.

Sharif yasavye abanyagihugu gushigikira iryo tegeko, abwira abanyagihugu ko ata teka ririmwo mu kwica. Ni mu gihe bivugwa ko muri Pakistani, abakenyezi amajana n’amajana bicwa buri mwaka, bahowe ko batesheje agateka imiryango yabo.

Mu kwezi kw’indwi, umumyeshamakuru w’umukenyezi, Qandeel Baloch, yarazwi cane mu bijanye no kumenyesha amakuru biciye ku ngurukanabumenyi yarishwe na musazawe, aravyemenga, avuga ko yingejeje ukutariko. Urupfu gwa Baloch rukaba gwatumye amakungu ahaguruka kwiyamiriza ubwo bwicanyi.

XS
SM
MD
LG