Uko wahagera

Itangazo ry’Abaserukira Ibihugu vyo muri Afrika yo mu Buseruko mu Burundi


(File photo - EAC in Burundi)
(File photo - EAC in Burundi)

Mu vyatangajwe n’abaserukira ibihugu vyo mu karere ka Afrika yo mu buseruko mu Burundi, n’ukuvuga Kenya, Uganda na Tanzania hamwe na Afrika y’epfo hatarimwo Urwanda, inyuma yuko bakwirikiranye ibijanye na politike n’umutekano mu Burundi, baveze ko bakeza Reta y’Uburundi, urwego rujejwe gutegura amatora, CENI n’Abarundi kuba vyagirishije neza amatora y’abashingamateka n’ay’abajenama b’amakomine, naho hari uburyo bhuke n’ibibazo bijanye n’umutekano.

Barerekana impungenge bakongera bakiyamiriza ubwicanyi bufatiye ku matora. Basaba amakungu kwiyamiriza ubwoi bwicanyi bwahitanye Abarundi ataco bazira batari bake.

Barashigikiye utwigoro twose toyobowe n’abategetsi bo mu karere ka Afrika yo mu buseruko, mu kworohereza ibiganiro bigenewe gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi. Bavuga ko babonye ukuntu amatora yitabwe, bakaba bizeye ko bizokwerekana ivyifuzo vy’Abarundi.

Basaba kw’ibiganiro vyobandanya ku mpande zose zegwa n’ibibazo vy’Uburundi mu mugambi w’ugushika ku mutekano n’ubumwe bizorama mu gihugu.

Abaserukira ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko mu Burundi, biyemeje muri iki gihe kubandanya bakorana n’impande zose, guha amakuru y’imvaho ama Reta y’ibihugu vyabo n’ugufasha Abarundi gutora inyishu zabo ubwabo ku bibazo vyabo.

Barangiza bifatanya mu mubabaro na Reta y’Uburundi n’Abarundi ku rupfu rw’inteko z’Uburundi ziranga mirongo itanu zishwe ziri mu gikorwa c’inteko za AMISOM, zijejwe gucungera umutekano z’umuryango w’ubumwe ba Afrika muri Somalia.

XS
SM
MD
LG