Uko wahagera

ONU: Amakenga kw'Ihohoterwa ry'Ab'ashikirizamanza b'Abarundi


Intumwa za ONU mu Burundi
Intumwa za ONU mu Burundi

Inama y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ijejwe kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu iratewe amakenga n’ivyergeranyo bivuga ku bashikirizamanza bane bo mu Burundi, bariko barahohotererwa ubuzima, biturutse ku nkuru bahaye iyo nama ya ONU.

Itangazo iyo nama ya ONU yasohoye, kur’uyu wa mbere, risaba Reta y’Uburundi gutanga ivyemeza ko ata bashikirizamanza boba bariko barahohotererwa ubuzima.

Iryo tangazo rivuga ko abashikirizamanza Armel Niyongere, Lambert Nigarura, Dieudonne Bashirahishize na Vital Nshimirimana, bafashije mu cegeranyo cakozwe n’amashirahamwe ategamiye Reta mu Burundi, ku bijanye no guhohotera ubuzima bwa kiremwa muntu.

Kubera uruhara bagize mur’ico cegeranyo, umushingwamanza yasavye umukuru w’Inama y’abashikirizamanza I Bujumbura kubakura ku rutonde gw’abashikirizamanza, atanga ibirego bitari bike harimwo no kuba baragize uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi.

Inama y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ikazotanga icegeranyo ku Burundi ku munsi wa gatanu.

Mu kwezi kw’indwi, Inama ijejwe umutekano ya ONU, ikaba yaremeje ku ngingo yo kurungika mu Burundi abapolisi mvamakungu bashika ku 228, gukinga agateka ka zina muntu, no gufasha gutsimbataza ibiganiro hagati y’Abarundi.

XS
SM
MD
LG