Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Abayobozi ba Al-Qaida


Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta muri Amerika, bwatangaje ko hasohowe ibihano bishasha ku barongozi batatu b’umugwi w’iterabwoba Al-Qaida, usanzwe ukorera mu gihugu ca Irani.

Faisal Jassim Mohammed, Israel Muhammud Ibrahim Bayumi na Abou Bakr Muhammad Ghumayn, bashizwe mu mugwi w’abiyahuzi karuhariwe kw’isi, bakaba bagirizwa kuba begeraniriza amafaranga umugwi Al-Qaida.

Iryo tangazo, rituma urutoke umgabo Khalidi ko ar’umukozi akomeye wa Al-Quaida, akongera akaba yahoze ayobora ingabo zawo, akorana kandi n’umugwi w’aba talibani muri Pakistani. Bayumi nawe yagirizwa kuba ar’umukukuruke wa Al-Qaida, yaragize uruhara mu kurekuza abagwanyi ba Al-Qaida muri Iran. Uwa gatatu yitwa Ghumayn n’umutegetsi akongera akaba ajejwe ikigega , gutumatumanako amakuru, ajejwe kandi ibikoresho vy’Umugwi Al-Qaida.

ivyo bihano bafatiwe bigizwe no guhagarika ubutunzi bwabo bwose buri munsi y’amategeko ya Amerika, bikabuza kandi umunyagihugu wese wa Reta zunze Ubumwe za Amerika, hamwe n’amahinguriro kugira ico bakoranye n’abo bagabo.

XS
SM
MD
LG