Uko wahagera

Isirayeri mu Matora Agira Gatatu mu Kiringo c'Umwaka Umwe


Abanyagihugu muri Isirayeri bagiye uno musi mu matora agira gatatu mu kiringo c’amezi 12 arangiye.

Bariko bahitamwo niba boha ikindi kiringo umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, canke bagafata inzira nshasha mu guhitamwo Benny Gantz yahoze ari umukuru w’igisirikare.

Ivyatohojwe imbere y’umusi w’amatora vyerekanye ko ata mugambwe numwe uzoronka abawushigikiye bahagije kugira ushireho Reta y’urunani.

Uko ni ko ibintu vyaganze mu matora yabaye incuro zibiri imbere yaho. Inyuma y’indwi zitari nke z’ibiganiro, nta nyishu yashitsweko.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu yagumye mu mabanga vy’agateganyo mu kiringo c’amatora yose yabaye.

Amatora ya nyuma aje mu gihe bitegekanijwe ko aseruka imbere y’intahe ku vyagirizo vya ruswa.

Uwo bahiganwa, Bennny Gantz mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza yatangaje ko Netanyahu ageramiwe n’amarorewa akwirikiranwako.

Yamara Netanyahu avuga ko ari afise ibikwiye kugira ayobore igihugu muri iki gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG