Uko wahagera

Isirayeri Igiye Kwirukana Abimukira 40.000 b'Abanyafurika


Abimukira bakomoka muri Eritreya mu Gisagara ca Tel Aviv
Abimukira bakomoka muri Eritreya mu Gisagara ca Tel Aviv

Ibizoshikira abimukira b’abanyafurika ibihumbi mirongo ine mu gihugu ca Isirayeri Ntibitomoye gushika ubu. Ni inyuma y'uko abashingamateka bafatiye ingingo yo kubirukana.

Reta ya Isirayeri yafashe ingingo ku musi w’Imana y’ukwugara ikibanza ca Holot abimukira b’abanyafurika bari bapfungiwemwo mu bugararwa bwa Negev. Ico kibanza kibarizwamwo abanyafurika ibihumbi n’ibihumbi binjiye muri Isirayeri mu buryo budaciye mu mategeko.

Bitegekanijwe kw’ikibanza ca Holot cugarwa mu mezi atatu. Ababa mur’ico kibanza bazohitamwo kuva ku butaka bwa Isirayeri canke baje mu munyororo.

Abanyafurika bageramiwe n’ubukene, benshi muribo baturuka mu bihugu vya Eritreya na Sudani binjiye muri Israel baciye mu gihugu ca Misiri kuva mu mwaka w’i 2006 gushika mu mwaka w’i 2013.

Mu mwaka w’i 2013, iherahezwa ry’uruhome rukomeye ku rubibe hagati ya Isirayeri na Misiri rwarazibiye abimukira barondera kwinjira muri ico gihugu.

Abimukira bavuga kw’ari impunzi zirondera ubuhingiro. Yamara Isirayeri ibona benshi muribo kw’arabahunga ubukene .

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR, ritangaza ko ritewe impungenge n'iyo ngingo ya Isirayeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG