Uko wahagera

Isirayeri: Benjamin Netanyahu Yasubiye Kurenguka Imbere ya Sentare


Benjamin Netanyahu yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa IsirayerI
Benjamin Netanyahu yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa IsirayerI

Benjamin Netanyahu yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri yarengutse imbere ya sentare inyuma y’amezi atandatu amaze yagirizwa ibiturire.

Ku ncuro ya mbere, uwahoze ari umwizigirwa wa Netanyahu, Nir Hefetz, yari yiteguye kumwagiriza. Yamara urubanza rwaciye rwunguruzwa kuba mu ndwi iza, bisabwe n’abashikirizwamanza ba Netanyahu.

Umwe muri abo bashikirizwamanza ni umuhungu wiwe yitwa Avner Netanyahu yari yamuherekeje. Yari yaherekejwe kandi n’abanyamugambwe wiwe wa Likud.

Netanyahu aburana mu manza zitatu aho yagirizwa amanyaga, kutubahiriza amasezerano hamwe na ruswa. Uwo yahoze ari umushikiranganji mukuru wa Isirayeri ahakana avuga ko ata kibi yigeze agira.

Ubu, Netanyahu ari mu mugwi w’abatavuga rumwe na reta mu nama nshingamateka. Uru rubanza yagirizwamwo ivyo vyaha rwatanguye mu mwaka wa 2020 ariko ruteba kuburanishwa kubera ikiza ca Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG