Perezida w'igihugu ca Isirayeli, Reuven Rivlin yahisemwo umunyapolitike atavuga rumwe n'umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu gushiraho reta.
Yahisemwo uno musi ku wa gatatu, Yair Lapid, umunyapolitike afise ivyiyumviro biri hagati na hagati kandi ahanganye cane na Netanyahu mu bibazo vya politike, kugerageza gushiraho reta nshasha. Yamara ivy’uko azobishikako ntibitomoye muri iki gihe.
Benjamin Netanyahu, umushikiranganji wa mbere amaze igihe kirekire cane muri ayo mabanga mu mateka ya Isirayeli, afise imyaka 71 muri iki gihe, yari amaze imyaka ibiri agerageza kuguma muri ayo mabanga biciye mu matora aterekanye uwayatsinze mu buryo bugaragara yabaye incuro zine kuva mu mwaka w’i 2019.
Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo ryatangaje igenwa rya Yair Lapid kugira ashireho reta, Prezida Reuven Rivlin yamenyesheje ko uwo munyapolitike yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega ashigikiwe n’abashingamateka 56 kw’i 120 bagize inama nshingamateka. Yamara gushika ubu ico gitigiri ntigikwiye.
Rivlin avuga ko Yair Lapid afise amahirwe y’ugushiraho reta izokwemezwa n’inama nshingamateka. Yamara avuga ko hari ibibazo bitari bike.
Nta mukandida n'umwe amatora aheruka kuba muri Israyeli kw’italiki 23 y’ukwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka yahaye amajwi ahagije kugira abe umushikiranganji wa mbere. Ayo matora yabaye mu gihe Benjamin Netanyahu yariko acirwa urubanza ku vyaha vya ruswa ahakana. Imisi 28 Netanyahu yari yahawe y’ugushiraho reta y’urunani yarangiye atabishitseko.
Yair Lapid nawe nyene yahawe imisi nk'iyo kugira agerageze gushiraho reta y’urunani.
Facebook Forum