Uko wahagera

Netanyahu Ntarota Aganira ku Bijanye n'Intara ya Sijordaniya


Perezida Mahmoud Abbas wa Palestina, yatangarije mu nama nkuru ya ONU, kur’uyu wa kane, ko uburyo Isirayeli ibandanya kwiyagurira uturere mu ntara ya Sijordaniya bitakaza icizere cose c’inyishu z’amatati amaze imyaka itari mike hagati ya Reta y’abayahudi n’ibihugu bibanyi vy’abarabu.

Ivyo Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli avyamirira kure. Netanyahu amenyesha ko ashobora kugira ibiganiro ku bindi vyose, ariko ko atazokwigera aganira ku bijanye n’intara y’abayahudi.

Netanyahu yasavye Perezida Mahmoud kuzoja kuvugana ubwiwe n’inama nshingamateka ya Isirayeli, nawe Netanyahu agaheza akazoca aja kubonana imbonankubone n’Inama Nshingamateka ya Palestina.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon, hamwe na Perezida Barack Obama wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bompi mu majambo bashikirije, bamenyesha ko ukudadaza kwa Isirayeli mu turere yigaruriye ar’intambamyi y’inyishu ku matati ari hagati y’ivyo bihugu bibiri.

XS
SM
MD
LG