Uko wahagera

Ishirahamwe ry’Ibihugu vyo muri Afrika n’Ishirahamwe CEDEAO Yararungitse Intumwa muri Senegal.


Abategetsi batangaje kw’umuntu umwe Umuntu umwe yarishwe ku musi w’Imana mu gisagara ca Koalack

Ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika n’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, mu ncamake, CEDEAO, yararungitse umugwi w’abayaserukira kugerageza guhagarika ubwicanyi n’uruhagarara mu gihugu ca Senegal imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuba ku musi w’Imana.

Olusegun Obasanjo yahoze ari prezida w’igihugu ca Nigeria, niwe ayoboye izo ntumwa. Umuyobozi ajejwe gutangaza amakuru w’ishirahamwe C-E-D-E-A-O, Sony Ugoh yabwiye Ijwi rya Amerika ko naho habaye uguhangana kwihaye inkumbi, hagati y’abari mu myiyerekano n’inteko zijejwe umutekano, ibintu birashobora gutorerwa inyishu biciye mu biganiro.

Abategetsi batangaje kw’umuntu umwe Umuntu umwe yarishwe ku musi w’Imana mu gisagara ca Koalack, igihe abari mu myiyerekano batana mu mitwe n’igipolisi ku mugambi wa prezida Abdulaye Wade, w’ukwitoza mu kiringo kigira gatatu.

Abantu batandatu canke barenga barapfuye mu gutana mu mitwe kwabereye mu mabarabara, kuva imyiyerekano itanguye, inyuma y’ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, y’ukurekurira prezida Wade, gusubira kwitoza, mu kiringo kigira gatatu.

XS
SM
MD
LG