Uko wahagera

Radiyo Bonesha FM Igiye Gusubira Kwumvikana mu Burundi


Radiyo Bonesha fm, imwe mu maradiyo yigenga yari yarafatiwe ibihano mu Burundi yaronse uburenganzira bwo gusubira gukora ihawe n'urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora muri ico gihugu, CNC.

Léon Masengo arongoye iyo radiyo arashima iyo ngingo akamenyesha ko bihanganye bihagije. Mu gihe bimwe mu bikoresho vy'iyo radiyo Radiyo vyononekaye mu 2015 aho yaterwa inyuma yaho ubutegetsi buhatswe guhirikwa, Léon Masengo asaba umukuru w’igihugu ko ikigo kijejwe gufasha ibimenyeshamakuru cohaguruka kikabafasha mu bijanye n'uburyo.

Radiyo Bonesha FM yahawe ukwezi kumwe ngo ibe yuguruwe. Igiye gusubira gutangura imirimo yayo inyuma y'indwi zitatu umukuru w’ighugu asavye uwurongoye CNC ko amaradiyo yugawe bogirirana ibiganiro kugira asubire gukora. Muri kino gihe amaradiyo acugaye ni Ijwi ry’Amerika, BBC, Radiyo RPA na Tereviziyo Renaissance. Abanyagihugu bavuganye n'Ijwi ry'Amerika bashimye ko bagiye kongera kuyumva.

Hagati aho, iyo radiyo igiye kugurura mu gihe ishirahamwe, Association Radio Sans Frontières, ryayishinze akaba ari naryo riyitwara ritemera uburongozi bwayo: Adrien Nihorimbere arongoye iryo shirahamwe asigura ko inzego zivuga ko ari zo ziyirongoye zagiyeho bidaciye mu mategeko.

Radiyo Bonesha FM Igiye Gusubira Kwumvikana mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:57 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG