Uko wahagera

Irani Yandikiye Abategetsi ba Amerika Ibagabisha


Ifoto ya perezida wa Amerika Donald Trump n'uwa Irani Hassan Rouhani
Ifoto ya perezida wa Amerika Donald Trump n'uwa Irani Hassan Rouhani

Irani yandikiye Reta Zunze ubumwe za Amerika iyigabisha yongera yamirira kure ivyagiriji vy’uko ari yo yagavye ibitero mu kibanza cimburirwamwo ibitoro muri Arabiya Sawudite ku wa gatandatu.

Mu ikete Irani yarungikiye Amerika ibicishije ku buserukizi bw’Ubuswisi buhagarariye inyungu za Amerika muri Irani, ico gihugu cabwiye Amerika ko igahirahira igafata ingingo n’imwe kubera ivyo bitero kitazoteba kwihora kandi ingaruka zizoba mbi kuruta.

Perezida wa Amerika Donald Trump ivyo bitero bikiba yavuze ko akaronka ivyemezo vy’uko Irani ari yo yagavye ivyo bitero hakoreshejwe indege zitagira umudereva izosubirizwa mu ndumane.

Vyitezwe ko kuri uno wa gatatu Arabiya Sawudite ishira ahabona amatohoza ku boba baragavye ivyo bitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG