Uko wahagera

Irani, Venezuela na Koreya ya Ruguru Biratabarizwa Kubera COVID-19


Abavura abarwayi ba Corona mu buseruko bwa Irani
Abavura abarwayi ba Corona mu buseruko bwa Irani

Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu, ibigo bitanga imfashanyo hamwe n’abahoze ari abadiplomate basaba Reta zunze ubumwe za Amerika gutezura ibihano yafatiye ibihugu vya Irani, Venezuela, na Koreya ya Ruguru. Bashikiriza ko ari kugira imiti n’ibifungurwa bishobore gushikira ababikeneye muri ivyo bihugu muri iki gihe c’umugera wa Corona.

Ivyo bihano vyatumye Irani itabasha kurangura imiti n’ibikoresho vy’ubuvuzi, mu gihe ari co gihugu kibangamiwe cane na COVID-19 mu karere ko mu buseruko bwo hagati.

Venezuela yari yaragize ubukene bw’imiti n’ibifungurwa n’imbere yuko Amerika igifatira ibiharo amahinguriro ya peterori.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG