Uko wahagera

Irani Igiye Gusanura Inyubakwa Zasenyuwe na Nyamugigima


Imwe mu nyubakwa zasenyuwe na nyamugigima muri Irani
Imwe mu nyubakwa zasenyuwe na nyamugigima muri Irani

Perezida wa Irani, Hassan Rouhani, yatanganje kuri uno wa kabiri, ko ibikorwa vyo gusanura inyubakwa zasenyaguwe na nyamugigima yo ku musi wa Mungu bigiye gutangura vuba bwango.

Perezida Rouhani yabivugiye mu rugendo yarimwo ahitwa "Kermanshah ", kamwe mu turere twasinzikajwe cane n'iyo nyamugigima yapima manyitide 7.3.

Kuva kuri uno wa kabiri, Irani iri mu kigandaro c'abahitanywe na nyamugigima, yunvikanye kandi mu turere tw'igihugu ca Iraki.

Ikinyamakuru ca leta ya Irani "IRNA" kivuga ko igitigiri c'abahitanywe na nyamugigima yo kuri uno w'Imana, kimaze kugera ku 530, mu gihe abakomeretse bagera ku 7000.

Mu mwaka wa 2003 , iyindi nyamugigima yunvikanye ahitwa "Bam" mu bumanuko bwa Irani, yahitanye abantu 26,000. Mu 2012,abagera ku 300 bahitanwa n'iyunvikanye I Azerbarjan.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG