Uko wahagera

Irani: Ayatollah Ali Khamenei Ashaka Iyubahirizwa ry'Amasezerano ku vya Nukiriyeri


Ayatollah Ali Khamenei
Ayatollah Ali Khamenei

Umutegetsi kizigenza w’igihugu ca Irani, Ayatollah Ali Khamenei yatangaje uno musi ku wa gatanu ko igihugu ciwe gishaka ko ibihugu 6 vy’ibihangange kw’isi bifata ingingo ah’ugutanga imihango ku vyerekeye gusubira kunagura amasezerano vyagiranye n’ico gihugu ku mugambi waco wa nucleaire mu mwaka w’i 2015.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, Khamenei yatangaje ko yabwiye abajejwe ibiganiro ku ruhande rwiwe ko bikenewe ko ibihugu vy’ibihangange bifata ingingo ah’ugutanga imihango ku vyerekeye ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yo mu mwaka w’i 2015.

Irani n’ibihugu vy’ibihangange vyo kw’isi biri mu biganiro kuva mu kwezi kwa kane, vyo kurabira hamwe ukuntu Reta zunze ubumwe za Amerika na Irani vyosubira kwubahiriza amasezerano yo mu mwaka w’i 2015 uwahoze ari Prezida, Donald Trump yavuyemwo mu mwaka w’i 2018, agasubizaho ibihano kuri ico gihugu.

Mu kwihora kuri ivyo bihano, abategetsi ba Irani baciye basubiye guhingura ubutare bwa uanium ku rugero ishobora kwifashishwa mu gukora ibigwanisho ruhonyanganda.

N’aho intunwa y’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya ikwirikirana ibiganiro hagati y’izo mpande zibiri yatangaje ku musi wa gatatu ko yemera ko amasezerano azoshikwako mu ncuro y’ibiganiro ikwirikira izotangura mu ndwi iza, abandi bategetsi bakomeye baserukira ibihugu vyabo bavuga ko mu misi iri imbere hari ingingo zitoroshe, zitegerzwa gufatwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG