Uko wahagera

Umucanwa mu Bitaro vy'Abarwayi ba Corona Wahitanye 82 muri Iraki


Ibitaro vyabereyemwo insanganya muri Iraki
Ibitaro vyabereyemwo insanganya muri Iraki

Umucanwa watewe n’urugunguru rwarimwo umwuka wa Oxygen mu bitaro biri I Baghdad ku murwa mukuru wa Iraki wahitanye abantu 82, ukomeretsa abegera ku 110.

Umwe mu bari baje gusuhuza mwene wabo yari arwariye muri ivyo bitaro yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ko vyari biteye ubwoba: "Abagwaza bacanacanako bagerageza gukiza ababo, abandi nabo bakibako baca mu madirisha ngo bakize ayabo mu gihe hari abo bitakunda ko birwanako".

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Mustafa al-Kadhimi, mw’itangazo yasohoye yategetse ko hakorwa amatohoza yihuta, abategetsi b’ivyo bitaro, abajejwe ivyuma n’umutekano bagatabwa muri yompi mu kurundira ico amatohoza avamwo. Uwo mutegetsi yagize ati: “Insanganya nk'iri ryerekana ugufata minenerwe kw’ibintu, amatohoza nakorwe bidatevye, hama uwo birwako ahanwe vy’akarorero”

Ibitaro vyitwa Ibn Khatib vyabereyemwo iyi sanganya biri mu vyari biheruka gutoranwa ngo abe ari vyo vyakira abarwayi ba Covid-19. Abarokotse baciye bajanwa kuba baravurirwa mu bindi bitaro nkuko ubuyobozi bwavyo bubitangaza.

Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagatai muri ico gihugu nabwo bwavuze ko bugiye gusubiramwo amabwirizwa yo gucungera umutekano mu bitaro vyose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG