Uko wahagera

Iraki: Papa Fransisko Yagendeye Ahari Amasengero Yabomowe na IS


Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisiko arabandanya urugendo rwiwe muri Iraki. Uno munsi yagendeye uburaruko bw’ico gihugu, ahari ibisagarira vy’amasengero yabomaguwe n’intangondwa ziyitirira idini rya Islamu, ahasomera inkuka ya misa.

Yagendeye kandi igisagara ca Mosul cahoze ari nk’ikirindiro c’intagondwa z’abayisilamu. Yavuye I Mosul agana mu gisagara citwa Qaragosh guhura n’abakirisu baho. Imbere y’uko asubira ku murwa mukuru Baghdad, birategekanijwe ko aza guca mu kindi gisagara citwa Irbil, ahasomere imisa iza kwitabirwa n’abantu batarenga ibihumbi cumi mu ntumbero yo kwirinda ikiza ca Covid-19.

Inkehwa z’abakirusu muri iraki zizera ko ubutumwa butandukanye Papa Fransisiko ariko atangira mu rugendo rwiwe buzotuma boroherwa, bakareka kuzira ukwemera kwabo. Kuva ikiza ca Covid-19 caduka, ni ubwa mbere Papa Fransisiko akoze urugendo mu mahanga. Ni na rwo rwa mbere umwungere wa Ekleziya Katorika akoreye muri Iraki. Atagihindutse Papa Fransisiko azosubira I Roma ejo ku wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG