Inzige zirageramiye akarere ka Afrika yo mu bumanuko. Abantu bagera ku miliyoni 7 mur’ ako karere barahanganye bikomeye n’ikibazo c’ibifungurwa nk’uko vyatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uno musi ku wa gatanu.
Nta sano ukwiyadukiza kw’inzige mu bihugu vya Botswana, Namibiya, Zambiya na Zimbabwe gufitaniye n’inzige isinzi zasinzikaje akarere ko muri Afrika yo mu buseruko mu kiringo c’amezi atari make.
Ishami ry’ishirahamwe ONU rijejwe ibifungurwa n’uburimyi, FAO, rimenyesha ko naho ibitigiri vy’inzige mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko bitangana n’ivyasinzikaje akarere ko muri Afrika yo mu buseruko, ibibazo ziriko zitera bikwiye gukwirikiranirwa hafi mu gihe abarimyi bariko bagerageza kwogorora inyuma y’ingaruka zikomeye z’uruzuba zibonekeje mu mwaka uheze hamwe n’ingaruka z’ubutunzi zatewe n’ikiza c’umugera wa Corona.
Ishirahamwe FAO rivuga kw’ inzige zishobora kurya ibifungurwa vy’abantu 2500 ku musi umwe. Naho ibihugu 4 izo nzige ziyadukijemwo muri Afrika yo mu bumanuko zakoresheje imiti y’ukwica udukoko, ico gikorwa nticashoboye kuzihagarika. Bimwe mu bice bigeramiwe kurusha ibindi ntivyoroshe gushikamwo.
Facebook Forum