Uko wahagera

Inzige Zateye Kenya Zishobora Gutandukira Uganda na Sudani


Ubushinikiranganji bujejwe uburimyi mu gihugu ca Kenya bwatangaje uno musi ku wa gatanu ko inzige isinzi zakwiragiye mu buseruko no mu buraruko bw’igihugu ca Kenya zivuye muri Etiyopiya na Somaliya.

Ubwo bushikiranganji butangaza ko izo nzige zigeramiye umwimbu w’ibifungurwa n’ubwatsi bw’ibitungwa. Izo nzige zatanguye kwinjira muri Kenya kw’italiki 28 z’ukwezi kw’icumi ka kabiri kw’umwaka urangiye w’i 2019. Zarageramiye bikomeye mu ntango ubwatsi bw’ibitungwa mu bice bibamwo aborozi.

Umushikiranganji ajejwe uburimyi muri Kenya, Mwangi Kiunjuri amenyesha ko mu nyuma yaho izo nzige zarakwiragiye mu bice vya Garissa, Isiolo na Samburu gushika mu bumanuko no mu burengero bw’igihugu.

Kiunjuri avuga ko izo nzige ziteye ikibazo gikomeye ku bifungurwa n’ubuzima bw’abanyagihugu mu bice zateyemwo.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibifungurwa kw’isi, FAO, rivuga ko izo nzige zishobora gutandukira ibihugu vya Uganda na Sudani yo mu bumanuko zivuye muri Kenya.

Mu kwezi guheze ishirahamwe FAO ryamenyesheje ko inzige zageramiye bikomeye umwimbu w’ibifungurwa mu bihugu vya Etiyopiya na Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG