Uko wahagera

Ikiza c'inzara muri Somaliya


Abakenyezi b'impunzi za Somaliya

Muri Somaliya, ubutegetsi bwateye akamo ibigo bisanzwe bifasha, hamwe n’amakungu, guseruka ku banyagihugu bugarijwe n’inzara idasanzwe.

Inyuma y’inama yihuta, Prezida Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya yatangaje ko ikibazo c’inzara kiri m’uturere tumwe tumwe hagati mu gihugu, cacitse ikiza.

Inyuma y’iyo nama, abategetsi bashinze umugwi ujejwe kwiga ikibazo c’ubugaragwa. Ica kane c’abanyagihugu muri Somaliya barahitanywe n’inzara, kuva mukw’icumi kw’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi gushika mu kwezi kwa kane kw’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kabiri.

Abategetsi ba Somaliya batuma urutoke amakungu ko atihuse guseruka ku banyagihugu.

XS
SM
MD
LG