Etiyopiya yasubijeho interneti mu gihugu inyuma yuko ihagaritswe mu kiringo c'indwi zitatu. Iyo nkuru yemejwe uno musi ku wa kane n’abamenyeshamakuru batari bake mu gihugu.
Yamara hari abandi bavuga ko ivyo vyabaye gusa ku murwa mukuru, Addis Abeba, kimwe mu bice vyageramiwe bikomeye n’uruhagarara n’ubwicanyi vyabaye mu ndwi nkeyi zirangiye. Ivyo vyari vyatumye Reta yugara servisi zose za interineti mu ntumbero y’ugukingira umutekano w’igihugu.
Befeqadu Hailu, umwe mu bamenyeshamakuru bakomeye muri Etiyopiya yatangaje ko ata mategeko yarekurira Reta kwugara interineti. Avuga ko umutekano w’igihugu kenshi ari icitwazo.
Avuga ko ibibazo nka vyose muri Etiyopiya vyatanguriye mu banyagihugu mu bice babamwo, naho hari abantu bakokeza ubwicanyi n’uruhagarara ku mbuga ngurukanabumenyi. Yamara amenyesha kandi ko hari n’abantu bigisha amahoro kuri izo mbuga.
Facebook Forum