Uko wahagera

Inyubakwa y’Umugambwe CNDD-FDD i Gitega Yaraturiwe


Inyubakwa y’umugambwe CNDD-FDD muri komine Nyarusange, ku musozi Bikinge, mu ntara ya Gitega, hagati mu gihugu, yaraturiwe mw’ijoro ryo ku wa mbere rishira ku wa kabiri.

Abanyagihugu babibonye bavuga ko abantu bitwaje ibigwanisho bateye igihe c’isaha indwi z’ijoro. Abo bantu bitwaje ibigwanisho ngo babanje kurasa amasasu menshi. Abanyagihugu bo muri komine Nyarusange baratekewe n’ubwoba muri kino gihe, bakidogera abajejwe umutekano ko batabakingira bikwiye.

Abagize ico gitero ngo basubiye inyuma abajejwe umutekano batarahashika. Musitanteri wa komine Nyarusange yabwiye Ijwi rya Amerika ko agiye gusaba ko abajejwe umutekano bongerezw. Imigwi y’abantu bitwaje ibigwanisho iravugwa no muyandi ma komine y’intara ya Gitega, ariko abajejwe intwaro bavuga ko ari imigwi y’abasuma bitwaje ibigwanisho, ngo nta mvo za poritike.

Umutekano muke urabandanya kuvugwa no muzindi ntara nka Bubanza, Bujumbura bita rirari na Ruyigi. Abanyagihugu bo mur’utwo turere bavuga ko hariho imigwi yitwaje ibigwanisho yibonekeza cane cane mw’ijoro. Hamwe hamwe iyo migwi isaba intererano y’amafaranga n’imfungurwa. Imigambwe itavuga rumwe na reta yemeza ko hariho imigwi yitwaje ibigwanisho ifise ivyiyumviro vya poritike. Bonaventure Niyoyankana atwara umugambwe UPRONA ari muri reta no mu nama nshingamateka, nawe nyene avuga ko vyibonekeza ko hariho imigwi ikoresha ibigwanisho yishimikije ibibazo vya poritike. Ku bwa Bonaventure Niyoyankana reta ngo yategerezwa kubona ivyo bintu ikarondera ababikora bakaganira. Ku ruhande rwa reta ngo ni utugwi tw’abasuma tutagira abatwiyitirira.

XS
SM
MD
LG