Uko wahagera

Amatohoza kw’Igandagurwa rya Ernest Manirumva


Amashirahamwe OLUCOME, APRODH, FORSC yaremeje ko abantu cumi n'umwe bamaze gufatwa bagirizwa iyo dosiye, ariko ko gushika ubu intwanzangabo zitanu zo mu biro vyo mu gwego gw’abaporisi n’iperereza batarengutswe imbere y'ubutungane

Amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike n'uwuburanira umuhisi, Ernest Manirumva, yari icegera c'umukuru w’ishirahamwe rigwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta, OLUCOME, yaranebaguye uburyo amatohoza ku bijanye n'urwo rupfu yagiye arakorwa.

Ayo mashirahamwe yigenga ahanini agizwe n’amashirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire, APRODH riharanira agateka ka zina muntu, n'ihurikiro ry'amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike FORSC yaremeje imbere y'abamenyeshamakuru ko gushika ubu intwanzangabo zitanu zo mu biro vyo mu gwego gw’abaporisi n’iperereza batarahagarikwa, ngo barengutswe imbere y'ubutungane. Ayo mashirahamwe aremeza ko abantu cumi n'umwe bamaze gufatwa bagirizwa iyo dosiye..

Prosper Niyoyankana aburanira Manirumva avugako amatohoza yakozwe nabi, kandi umushikirizamanza mukuru wa repuburika amaze gushinga imigwi ishika itatu itohoza iyo dosiye. Mu rwego rw'igiporisi ruvugwamwo abashobora kuba baragize uruhara mw’igandagurwa rya Ernest Manirumva, bamenyesha ko iyo dosiye atakintu kinini bayivugako,kuk ngo barindiriye ibizova mu butungane. Ku bw'amashirahamwe yigenga adaharanira inyungu za poritike, igandagurwa rya Ernest Manirumva rijanye n'akazi ko kugwanya ibiturire yarangura mw'ishirahamwe OLUCOME..

Ernest Manirumva, yagandaguwe kw’igenekerezo rya cenda, ukwezi kwa kane, mu mwaka w'i 2009. Amatohoza amaze gukorwa yemeza ko yishwe acumiswe imbugita nyinshi. Abakoze ayo matohoza bavuga ko yatwawe mu muduga wa reta wo mu rwego rw'abaporisi, kandi ko amadosiye yariko akorako yari yerekeye igurishwa ry'ibirwanisho rikorerwa mu kinyegero, isesagurwa ry'amatungo ya reta, n'itangwa ry'amasoko ridakurikije amategeko.

Inyuma y'urwo rupfu inkuru zitandukanye zavuze ko urwego rw'iperereza ry'abanyamerika FBI ryafashije mu matohoza, bisabwe n'amashirahamwe yigenga yo mu Burundi. Ariko nta raporo yigeze ishigwa ahabona yerekana ivyakozwe n'ivyavuyemwo. Amashirahamwe mpuzamakungu n'ayaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, abandanya asaba ko reta ihagurukira urwo rubanza, igakurikira abakuru bakuru bagize uruhara ruhambaye muri urwo rupfu, hamwe n’abagerageza gukingira ikibaba abafise ico bazi kuri iyo dosiye.

XS
SM
MD
LG