Uko wahagera

Intwaro ya Biden Yerekanye Ubudasa n'iya Trump mu Kugendera Afurika


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'yandi makungu, Antony Blinken, muri Kenya
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'yandi makungu, Antony Blinken, muri Kenya

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu, Antony Blinken, yashitse ku mugabane wa Afurika agiye gukoreramwo urugendo rwiwe rw’imisi itatu.

Urugendo rwiwe rwa mbere muri Afurika yo musi ya Sahara, Blinken yarutanguriye i Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya, azorubandaniriza muri Nijeriya hama arusozerere i Dakar muri Senegali.

Ibiganiro azokorana n’abategetsi b’ivyo bihugu bizoba bishingiye ahanini ku bibazo bijanye na demokarasi, ihindagurika ry’ibihe n’ikibazo c’akajagari n’umutekano muke biri muri Etiyopiya no muri Sudani.

Ervin Massinga, umwe mu bakozi bakuru bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu yavuze ko ihingurwa ry’incanco za Covid-19 ku mugabane w’Afurika naryo rishobora kuzoba mu biganiro Blinken azokorana n’abategetsi ba Kenya, Nijeriya na Senegali. Bazogaruka kandi ku masezerano y’ubutunzi ya AGOA azohera mu 2025. Aya masezerano bisa nkaho Amerika itifuza kuyabandanya inyuma yo mu 2025.

Urugendo rwa Blinken muri Afurika ruzanye ubudasa bw’intwaro ya Joe Biden na Donald Trump yamubanjirije: Trump ntiyigeze ahisha ko atitayeho Afurika. Ari mu ba prezida bake b’Amerika batigeze bagendera uwo mugabane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG