Uko wahagera

Afurika y'Epfo: Intwari Nelson Mandela Yatabarutse


Nelson Mandela wahoze ari Perezida w'Afurika y'Epfo
Nelson Mandela wahoze ari Perezida w'Afurika y'Epfo
Intwari Nelson Mandela wabaye perezida w'umwirabura wa mbere w'Afurika y'Epfo yatabarutse kw' italiki ya gatanu y'ukwa cumi n'abiri umwaka wa 2013.

Perezida w'Afurika y'Epfo Jacob Zuma ni we watangarje iyo nkuru kuri televiziyo. Mw'ijambo yavuze atangaza itabaruka rya Mandela, perezida Zuma yavuze ko igihugu gitakaje umubyeyi. Yasobanuye ko Mandela yitabye Imana ari mw'ituze kandi ko yari akikijwe n'umuryango we. Nelson Mandela yamaze igihe arwaye ari mu bitaro kuva mu mwaka wa 2011 kubera ibibazo byo guhumeka.

Nelson Madiba Mandela yitabye Imana afite imyaka 95 y'amavuko. Nelson Mandela yarwanije politiki y'ivangura abirabura ya ba gashakabuhake, ari na bo bamufunze imyaka 27 ku kirwa cya Robben Island.

Mandela yafunguwe mu mwaka w'1990, ahabwa igihembo Nobel cy'amahoro mu mwaka wa 1993, agifatanije na Frederick De Klerk wamufunguje. Nelson Mandela yatorewe kuba perezida wa mbere w'Afurika y'Epfo w'umwirabura mu mwaka wa 1994, ayobora manda imwe, ayirangije arasezera.

Mandela yabaye ikimenyetso cy'amahoro n'ubwiyunge, kandi azwi kw'isi nk'imfungwa ya politiki yamaze igihe muri gereza.

Inkuru y'itabaruka rya Mandela ikimara gutangazwa, abayobozi b'isi batangiye kumuvuga ibigwi. Ari kuri televiziyo, Perezida wa mbere w'umwirabura wa Leta zunze ubumwe z'Amerika Barack Obama yavuze ko Mandela yageze iwe. Yongeyeho ko isi itakaje umuntu w'intwari isumba izindi kandi wari ufite umutima wa kimuntu. Obama yavuze ko atakwiyumvisha ubuzima bwe, iyo Mandela atamubera urugero.

Ministri w'intebe w'Ubwongereza David Cameron yavuze ko Mandela ari urumuri rwamurikiraga isi, kandi ko yari intwari idasanzwe y'ibihe turimo. Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon yavuze ko Nelson Mandela yari inkingi y'ubutabera kw'isi.

.
XS
SM
MD
LG