Uko wahagera

RDC: Abatari bake Bahitanywe n'Intureka


Imiriro yakijwe n'abanyagihugu bari mu myiyerekano, muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo abanyagihugu batari bake barahitanywe n’intureka, mur’iyi minsi ibiri ihereza iyi ndwi twaraye turangije. Ivyo bikaba biteye amakenga abatari bake ko hashobora kwaduka indyane za politike. Izo ntureka zadutse mu gihugu cose, inyuma y’aho Prezida Kabila n’abo batavuga rumwe bananiriwe no kwumvikana uburyo n’ikiringo yova k’ubutegetsi, inyuma y’imyaka cumi n'itanu arongoye Congo.

Tubibutse ko ikiringo ca kabiri ca Prezida Kabila carangiye itariki ya cumi n'incenda z’uku kwezi kwa cumi na kabiri, mu gihe amatora yari yatunganijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe, y’abahiganwa kumusubirira yari yasibijwe. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bamenyesha ko ukwigizayo amatora ar’uburyo Prezida Kabila yakoresheje bwo kubandanya atwara.

Ukwo kwutumvikana hagati y’abanyepolitike, kwakweze intureka mur’uyu mwaka. Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rikaba ryarateye akamo abajejwe umutekano muri Kongo ko batokwivanga mur’ivyo bibazo, bakareka abanyagihugu bari mu myiyerekano bagashikiriza ivyiyumviro vyabo.

Kur’uyu w’Imana, abaserukira idini Katolika, basanzwe bariko barafasha mu biganiro vyo guhuza imigwi itandukanye ya politike, basomye ubutumwa bwatanzwe n’Umwepisikopi mukuru Laurent Monsengwo. Mur’ubwo butumwa, Musenyeri Monsengwo amenyesha ko igihe co kwica abanyagihugu mu ntumbero yo kuronka ubutegetsi caheze, ko urwaruka atakindi rurondera at’aburenganzira bwo kubaho rwubahirijwe.

XS
SM
MD
LG