Uko wahagera

Interneti Yari Yaciwe muri Somaliya Yagarutse


Interineti yari yakaswe muri Somaliya inyuma yuko umushikiranganji wa mbere abogojwe mu mabanga yiwe yasubiye gukora uno musi ku wa mbere. Servisi za interineti zari zakaswe mu bice bitari bike vyo mu bumanuko no hagati muri Somaliya zasubiye gukora uno musi ku wa mbere.

Abatavuga rumwe na Reta bavuga ko interineti yari yakaswe mu kigoro ka Reta k’ugukwirikiranira hafi amakuru atangazwa. Ivyo kubera ubwoba bw’inkurikizi za politike inyuma yuko umushikiranganji wa mbere, Hassan Ali Khaire yirukanywe mu mabanga yiwe mu mpera z’iyi ndwi turangije.

Yamara umushikiranganji ajejwe guhanahana amakuru muri Somaliya, Abdi Anshur Hassan yahakanye amakuru avuga ko Reta yakase n’impaka interineti. Inama nshingamateka yamwirukanye mu mabanga yiwe ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije mu matora yagirishije y’ukutamugirira icizere.

Amakungu yariyamirije iyirukanwa mu mabanga ryiwe harimwo Reta Zunze Ubumwew za Amerika. Abakwirikirana ibintu bavuga ko ivyo bishobora gutebesha amatora ategekanijwe kuba mu mwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG