Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko Iriyamiriza Inteko Mvamakungu


ONU muri Sudani y'Ubumanuko
ONU muri Sudani y'Ubumanuko

Reta ya Sudani y’Ubumanuko ivuga ko yiyamiriza ugwandiko gw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, ruvuga ku bijanye n’ingingo yo kurungika inteko mvamakungu ziza gucungera umutekano mur’ico gihugu.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, Michael Makuei, yatanganje ko izo nteko zitazoshobora igikorwa cazo, igihe zizoba ar’izirongowe na MINUSS, umugwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU aho muri Sudani y’Ubumanuko. Makuei avuga ko izo nteko zizoba zije kurengera ubwigenge bw’igihugu cabo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ikaba ariyo ihagarikiye ico gikorwa muri ONU. Abategetsi bo mu karere ka Afurika y’Ubuseruko nabo kandi barahuriye I Addis-Abeba, muri Etiyopiya, baraganira ku vyerekeye kurungika inteko mvamakungu, aho muri Sudani y’Ubumanuko.

Mu ndwi iheze, inama ya ONU yarize ku kibazo co kwongereza ikiringo c’umugwi wa ONU muri Sudani y’Ubumanuko, kuko ico kiringo carangira kur’uyu wagatanu. Ikindi baganiriyeko n’ikibazo kijanye no guha uburenganzira MINUSS, kugira ishobore kubuza uruja n’uburuza gw’ibikoresho bimwe bimwe harimwo n’igurishwa ry’inkoho. Umushikiranganji Michael Makuei avuga ko igihugu ke itazokwemerera ubwo burenganzira MINUSS.

XS
SM
MD
LG