Uko wahagera

Inteko Mpuzamakungu Zoba Zigiye Kuvanwa muri Sudani?


Icemezo kiriko kirashikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku gihugu ca Sudani, cokura inteko za ONU n’inteko z’ubumwe bw’Afrika zicungera umutekano mu ntara ya Darfur. Izo ngabo zasubirirwa n’intumwa za ONU mu vyerekeye politike zijejwe igikorwa co gutsimbatsa amahoro.

Amabanga nyamukuru y’izo ntumwa kwoba ari ugushigikira reta ya demokarasi y’imfatakibanza muri ico gihugu, gutegura ibwirizwa shingiro rishasha hamwe n’amatora.

Integuro y’ico cemezo ivuga ko igikorwa c’inteko za ONU n’Ubumwe bw’Afrika mu ntara ya Darfur UNAMID, cohagarara, maze kirangurwa na reta y’imfatakibanza yashinzwe mu kwezi kw’umunani umwaka ushize.

Ico cemezo cotanga uburenganzira bwo kurungika abapolisi mpuzamakungu 2500 hamwe n’abasirikare mpuzamakungu bari hagati ya 500 na 800, boba bajejwe gukingira abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG