Uko wahagera

Intambara z'Urutavanako muri Yemeni


Imwe mu miduga y'igisirikare ca Yemeni
Imwe mu miduga y'igisirikare ca Yemeni

Muri Yemeni, uyu musi wa gatanu ugize umusi ugira gatatu w’intambara z’urutavanako, aho urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya Sawudite ruriko ruragerageza kwigarurira igisagara ca Hodeida kiri ku kivuko gikomeye kiri mu minwe y’abarobeli b’aba Houti.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku burenganzira bwa kiremwa muntu, Human Rights Watch risaba inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kwumvisha impande zishamiranye ko bazofatirwa ibihano mugihe bobuza ko imfashanyo zishikira abanyagihugu.

Ku musi wa kane, inama ya ONU ijejwe umutekano yasavye abarwana muri Yemeni kugumiza ikivuko ca Hodeida muri Yemeni cuguruye mugihe abatanga imfashanyo bariko bagerageza kugarukira ku basivile ibihumbi 600 bugaraniwe mur’ico gisagara.

Igihugu ca Arabiya Sawudite catanguye gutera abarobeli b’Aba Houti mu rugamba rwo gushigikira reta ya Yemeni mu kwezi kwa gatatu umwaka w'2015. Kuva ico gihe ONU igereranya ko abantu barenga ibihumbi cumi bamaze kuhasiga ubuzima, benshi bahitanywe n’ibitero vy’indege.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG