Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Intambara mu Gisagara ca Yei River


Abanyagihugu bo muri Sudani y'Ubumanuko bahunze
Abanyagihugu bo muri Sudani y'Ubumanuko bahunze

Igisagara ca Yei River, nico gisagara gisigayemwo intambara muri Sudani y’Ubumanuko. Ico gisagara giharugwamwo abanyagihugu bashika ku Bihumbi Ijana, nayo abashika ku Bihumbi Ijana na Mirongo Itanu barahunze.

Abanyagihugu bahungiye mu gihugu c’Ubuganda bamenyesha ko abatari bake banyururijwe mur’ico gisagara, abandi bagahohoteregwa ubuzima. Abo banyagihugu bavuga ko mu kwezi kw’Indwi, abashoferi b’ama moto bashika kuri Mirongo Indwi na Batanu bafashwe n’abasirikare ba Reta. Mur’abo Mirongo Ibiri na Batanu nibo barekuwe, abandi akaba atawamenye irengero ryabo.

Igisagara ca Yei, kikaba kitigeze gica mu ntambara Sudani y’Ubumanuko yahitiyemwo, intambara yari yatanguye mu mpera z’umwaka w’2013. Yamara intambara zadutse mu minsi iheze, mu ntara zihana urubibe n’ico gisagara, hagati y’abasirikare bashigikiye Prezida Salva Kiir, n’abashigikiye Riek Machar, yahoze ar’icegera ca mbere zikaba zikaba zaragisinzikaje.

Mu ndwi iheze, Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon yatangaje ko inteko zijejwe kugarukana amahoro, zisanzwe ziri mur’ico gihugu, atabikoresho bikwiye zifise vyo gukingira abanyagihugu. Ni mu gihe Adama Dieng, umuhanuzi muri ONU, ku bijanye n’ivy’ihonyabwoko, agabisha ko hashobora kwaduka ihonyabwoko aho muri Sudani y’Ubumanuko.

XS
SM
MD
LG