Uko wahagera

Siriya: Igisagara ca Aleppo Gishobora Kuzimangana Vuba


Igisagara ca Aleppo, muri Siriya, kirashobora kuba cazimanganye ku Noweli, ari hamwe Reta ya Siriya n’Igihugu c’Uburusiya bidahagaritse ibitero vy’urutavanako biriko birakora mur’ico gisagara. Ivyo vyashikirijwe n’intumwa idasanzwe y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU muri Siriya, Staffan de Mistura.

De Mistura, yatangaje kur’uyu wa kane ko abanyagihugu bashika ku 275.000 bari mu kangaratete, hagati y’ibitero vy’indege vyagize umusaka ico gisagara. De Mistura avuga ko igisagara ca Aleppo gishobora kurenga incuro 50, ku vyabaye mu gisagara ca Homs, muri Siriya nyene, aho igisirikare ca Bachar al-Assad cakoze ibitero ku banyagihugu bo mur’ico gisagara, abantu ibihumbi n’ibihumbi bakahasiga ubuzima.

De Mistura amenyesha ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, ryategerezwa kugira akigoro rigaheza ayo matati, kugira abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu gisagara ca Alepo, bashobore kuronka agahengwe.

De Mistura avuga kandi ko bidashoboka ko abo banyagihugu bapfa atacamira, nkuko vyagenze mu gihugu ca Bosiniya, aho abagabo n’abasore, bashika ku 8.000, bagizwe ahanini n’abayisiramu, biciwe mu ntamabara yo mu mwaka w’1995, hamwe na 800.000 vy’abatutsi bapfiriye mw’ihonyabwoko ryo mu gihugu c’u Rwanda mu 1994.

XS
SM
MD
LG