Uko wahagera

Intambara Irakaze muri Iraki


Inyubakwa zasambuwe n'intambara hagati y'Abasirikare ba Iraki n'Abagwanyi ba Reta ya Kisilamu, mu gisagara ca Kirkuk, kiri mu Buraruko bwa Badgad

Abategetsi mu gisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika bamenyesha ko ibitero Reta ya Kisilamu iriko irakora hirya no hino muri Iraki, ar’ibifise intumbero yo gusamaza igisirikare ca Iraki kiriko kirigarurira igisagara ca Mosul, mu kwirukana abagwanyi ba Reta ya Kisilamu.

Kuva kur’uyu wa gatanu, Reta ya Kisilamu iriko ikora ibitero ku birometero amajana, mu bisagara vya Kirkouk, ah’’asanzwe hari igitoro, n’igisagara ca Dibis. Abantu bashika kw’ijana, barimwo n’abajejwe umutekano, baraguye mur’ivyo bitero. Nayo mu gisagara ca Dibis, abashika kuri cumi na bane, bagizwe ahanini n’abanya Irani nibo baguye mur’ico gitero.

Abategetsi mu gisirikare ca Amerika bamenyesha ko ivyo bitero ar’ivy’akanya gato, kandi ko bari bavyiteze. Abo bategetsi bakavuga kandi ko bizeye ko igisirikare ca Iraki, gifatikanije n’aba Kurde biteguye gutuza abagwanyi ba Reta ya Kisilamu uko biri kwose.

XS
SM
MD
LG