Uko wahagera

Insanganya y'Indege ya Gisirikare muri Afuganistani Yahitanye 17


Imwe mu mihana yasenyukiweko n'indege

Abantu bashika 17 bapfuye igihe indege ya gisirikare y’igihugu ca Afuganistani yakoroka, ikagwa mu mihana mu gisagara ca Rawalpindi, hari ibiro bikuru vya gisirikare.

Iyo ndege yari mu gikorwa c’imyimenyerezo ya gisirikare igihe yakorokera ku mazu muri karitiye yo mu micungararo y’ico gisagara igaca yaka umuriro, nk’uko amakuru yatanzwe n’igisirikare abivuga.

Mu bantu bahitanywe n'iyo ndege harimwo umudereva wayo hamwe n’abandi basirikare bakorana bane, abanyagihugu12. Amakuru ava muri Afuganistani avuga ko abakomeretse ari 12.

Gushika ubu igisirikare nta makuru kiratangaza c'icoba catumye iyo ndege igira isanganya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG