Uko wahagera

Insanganya y'Imodoka Yahitanye 40 muri Zimbabwe


Ibisigarira vy'imodoka yahiye iratokombera muri Zimbabwe mu bucagucagu bw'uno wa gatanu
Ibisigarira vy'imodoka yahiye iratokombera muri Zimbabwe mu bucagucagu bw'uno wa gatanu

Polisi ya Zimbabwe itangaza ko abantu barenga 40 bahitanywe n'umucanwa wadutse mu modoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa bisi mu bucagucagu bwo kuri uno wa gatanu.

Iyo modoka yari ihagurutse iva Zimbabwe ija muri Afurika y'Epfo yahiye igeze ahitwa, Gwanda, hafi y’ibilometero 550 mu bumanuko bw’umurwa mukuru wa Zimbabwe. 20 Ni bo bakomerekejwe n'uyo muriro nk'uko amakuru atangazwa na polisi y'ico gihugu avyemeza.

Amasanamu ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare , Croix Rouge, ryashize ku rubuga rwayo rwa Twitter yerekanye ibisigarira vy’iyo bisi yatokombeye yose. Iryo shirahamwe ryemeza ko abo ryatwaye kwa muganga bakomeretse ari 24.

Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa yahojeje imiryango yabuze yongera avuga ko Reta ikwiye gufata ingingo ruhasha zo gukinga impanuka no gukingira umutekano w'abanyagihugu mu mabarabara.

Impanuka yo mu bucagucagu bw'uno wa gatanu muri Zimbabwe ije ikurikira iyindi yari yabaye haraheze indwi zibiri igihe imodoka zo mu bwoko bwa bisi zunguruza abantu zasekana. Abagera kuri 50 ni bo bahitanywe n'iyo nsanganya yakomerekeje 80.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG